Ingeso igenda igaruka.
Abakuru b’ibihugu batanga imihoho, bagahunga ibihugu vyabo canke bagakugwa kubera ingeso y’ibiturire no kunyuruza itunga ry’igihugu biragwiriye cane muri ino myaka 20 mu karere ka Amerika y’ikilatini.
PUBLICIDAD
Muri ino myaka itanu yonyene, abakuru b’ibihugu batatu baravuye ku butegetsi muri ako karere kubera izo mvo.
Ivya nyuma vyabaye ku munsi wa Gatatu, igihe Prezida wa Pérou, Pedro Pablo Kuczynski (PPK), yategekwa kuva ku butegetsi kubera ivyo yagiye araregwa bijanye no kunyuruza itunga ry’igihugu hamwe n’ibiturire.
Uwo mukuru w’igihugu wa Pérou arindiriye ko inama nshingamateka yemeza ikinjura ryiwe canke ikamukuza ku butegetsi bitewe nuko ikibanza c’umukuru w’igihugu kizoba kigaragara.
1- Pedro Pablo Kuczynski (Pérou)
Uwo mukuru w’igihugu yatanze imihoho, bivugwa ko yaguze amajwi y’abashingamateka, ivyo bitungura igihugu kuva mu ntango y’ino ndwi.
PUBLICIDAD
Ikinjura ryiwe ryanyarutse igihe habonetse amashusho ya video hamwi n’amajwi yerekana uwitwa Kenji Fujimori hamwe n’abandi bashingamateka, bagerageza kugura amajwi y’abashingamateka, ngo Prezida ntakugweko icizere n’abashingamateka.
Mu kwezi kwa 12, Odebrecht yagirizwa gufumbatisha mu bihugu vyinshi vya Amerika y’ikilatini, yabwiye inama nshingamateka na nkenguzamateka ya Pérou ko yarishe imiliyoni $4.8 ku mashirahamwe afitaniye isano na Kuczysnki.
Prezida yarahakanye ivyo birego vyose bimwegekwako.
2- Dilma Rousseff (Brasil)
Uwo musubirizi wa Luiz Inacio Lula de Silva ( ubu yagirizwa ukunyuruza itunga ry’igihugu ku burongozi bwiwe) yatowe kurongora igihugu ca Brésil mu 2010, asubira gutogwa ubugira kabiri inyuma y’imyaka ine.
Mu mwaka wa mbere w’ikiringo ca kabiri ciwe, ibintu vyatanguye kumera nabi.
Inama nshingamateka na nkenguzamateka zatanguje umugambi wo kumukuzako icizere ku makosa yoba yagizemwo uruhara.
Ikirego gikuru cari ko yahonyanze amategeko ajanye n’ivy’amakori, bituma igihugu kija mu gahombo.
Inyuma y’amezi umunani n’iminsi 17, umugambi wo gukurako icizere Dilma Roussef uratungana mu kwezi kwa munani 2016, prezida arakugwa.
3- Otto Pérez Molina (Guatemala)
Yabaye Prezida wa Guatemala mu kwezi kwa Mbere mu 2012, inyuma y’imyaka itatu ategekwa gutanga imihoho inyuma yaho inama nshingamateka na nkenguzamateka zimwakiye ubudahangagwa, umushingwamanza agategeka ko afatwa.
Ivyaha aregwa n’ugutunganya amashirahamwe mu buryo butemewe n’amategeko, ugufumbatisha, ugukora amanyanga ku vy’amahera akoreshwa ku kirimba, no ku bijanye n’amakori.
Kuvyo amatohoza yashitseko, ibiturire vyahabwa abakoresha hamwe n’abakorera mu biro vya "douane" mu gihugu, ngo bahindure ivyo abazana ibidandazwa mu gihugu bategerezwa kuriha mu kigega c’igihugu.
Icegera c’umukuru w’igihugu w’ico gihe, Roxana Baldetti, nawe nyene yaratanze imihoho ku "mvo ziwe", ariko nawe nyene yaratawe mu mvuto munyuma kubera ivyo biturire, vyakweze abakozi ba leta barenga 40.
Pérez Molina – ahakana ivyo aregwa – ari mu munyororo arindiriye guciribwa urubanza.
4- Lucio Gutiérrez (Ecuador)
Yatanguye gutwara mu kwezi kwa Mbere mu 2003, hanyuma mu kwezi kwa Kane mu 2005 ahungira muri Colombia inyuma yaho sentare ya Quito itegetse ko afatwa.
Yagirizwa inyuruza ry’ibigwanisho vyakuwe mu makambi ya gisirikare, bivugwa ko vyagiye kugurishwa ku nyeshamba zo mu mugwi "Revolutionary Armed Forces" wo muri Colombie.
Yagirijwe kandi no guhindura ibiciro hamwe no kunyuruza ibikoresho bigenewe abanyagihugu, gukoresha amahera y’igihugu ayafashisha umugambwe wiwe n’abakandida bawo mu matora yo mu 2004.
Imyiyerekano yo kugwanya leta yiwe yarabaye myinshi, igisirikare gikikuza ikirimba c’umukuru w’igihugu, munyuma Gutierrez ahunga na kajugujugu.
5- Gonzalo Sánchez de Lozada (Bolivia)
Yatwaye Bolivie ibihe bibiri: ubwa mbere kuva mu 1993 gushika mu 1997 no kuva mu kwezi kwa munani 2002 gushika mu kwa Cumi 2003, igihe ahungiye muri Amerika inyuma y’imigumuko yiswe "ingwano ya gazi".
Yatanguye gutwara ashaka kuduza amatagise, yagirizwa gushaka kwitungisha bidaciye mu mategeko, no gukoresha politike mu vyashara vyiwe.
Inyuma y’imyaka ibiri, umugambi yarafise wo kugurishiriza umwuka wa gazi yo muri Bolivie abicishije ku bivuko vya Chili ngo ujanwe muri Amerika, Mexique na Chili, wabaye nk’isase ryatsa umucanwa muri leta yiwe.
Amaze kugurukira muri Amerika, umushikirizamanza mukuru wa Bolivie yavuze ko Sánchez de Lozada yivye imiliyoni $22 mu bigega vya leta.
Uwo mukuru w’igihugu wa kera muri kino gihe akurikiranwa na sentare ya Amerika, ku bantu bapfuye mu myiyerekano yo mu 2003.
6- Alberto Fujimori (Perú)
Yabaye umuperezida wa mbere wa Pérou akuwe mu mabanga kubera ibiturire.
Yatanze imihoho ku buryo bwa fax ari mu Buyapani, aho yagumye imyaka myinshi yanka guciribwa urubanza n’ubutungane bwa Pérou.
Inama nshingamateka na nkenguzamateka ntizemeye ukwo gutanga imihoho, ahubwo zihitamwo kumukura ku butegetsi.
Ivyo yaregwa ku biturire vyagiye kumenyekana igihe ama video yiswe "vladivideos" yakozwe n’umuntu yitwa Vladimiro Montesinos, acuditse na Fujimori, agiriye ahabona akerekana ingene abategetsi, amasosiyete, ibigo vy’itangazamakuru n’amaleta bahabwa ibiturire.
Mu rugendo mu gihugu ca Chili mu 2009, Fujimori yarapfunzwe, asubizwa muri Pérou aho yakatiwe igipfungo c’imyaka 25.
Yawuvuyemwo agiriwe ikigongwe na Kuczynski mu kwezi kwa 12 guheze, ku "mvo z’ububabare yarimwo".